ICO News

Ukraine – Russia: Ivyo bimodoka ntamenwa ntaco bizohindura ku ntambara – Kremlin – BBC


Dmitry Peskov

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y’isanamu,

Umuvugizi wa Kremlin Dmitry Peskov avuga ko abibaza ko ibirwanisho bihabwa ukraine bishobora guhindura ibintu ku rubuga ari ukwihenda

Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) iragabisha ko ivyo bimodoka ntamenwa bigiye gutangwa n’ibihugu vy’Uburengero ata kintu kinini bizohindura ku rubuga rw’intambara, mu gihe Ukraine yakobeje mu rugamba rwayo rwo gusubiza inyuma Abarusiya bayiteye.

Mu gihe abategetsi bajejwe kwivuna abansi bava mu bihugu 50 bakoraniye mu Budagi uno musi, Perezida Volodymr Zelensky yasavye imfashanyo yihuta.

Umuvugizi wa Kremlin Dmitry Peskov yagirije incuti za Ukraine zo mu burengero ko ziriko zirahendwa na Ukraine yibaza ko hari ico ishobora gushikako ku rubuga rw’intambara.

Afatiye ku birwanisho Ukraine yemerewe n’incuti zayo z’Uburengero, Peskov yabwiye abamenyeshamakuru ati: “ni babe bareka gukavya mu kwerekana ko ibi birwanisho hari ico bishobora guhindura ku rubuga.



READ SOURCE

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.